Ubusesenguzi ku mikino IRENZE ya Match Mania Yongerewe Ibikubo - 25/1/2025

betPawa iratanga ibikubo byongerewe byihariye ku mikino y’umupira w’amaguru irenze kurusha indi muri iyi weekend. Hari imikino itatu ishimishije iza kugaragaramo amakipe akomeye y’i Burayi. Muri Bundesliga, RB Leipzig irakira Bayer Leverkusen iri ku mwanya wa 2. Napoli iyoboye urutonde muri Serie A irakirira Juventus kuri stade ya Diego Armando Maradona, mu gihe Machester City yatwaye Premier League iheruka iza kuba ikina na Chelsea.
RB Leipzig na Bayer Leverkusen
Mu mukino ukomeye muri Bundesliga iyi weekend, Bayer Leverkusen yatwaye igikombe giheruka irajya kwa Leipzig mu mukino udasanzwe. Ikipe ya Xabi Alonso itangiye iyi weekend iri ku manota ane inyuma ya Bayern Munich iyoboye urutonde kandi ntiza kuba yifuza gutakaza amanota kuri uyu wa gatandatu.
Leverkusen ntiratsindwa mu mikino 10 iheruka gukina, yacyuye intsinzi 8 ndetse inganya 2. Buri mukino wabonetsemo moyenne y’ibitego 2.4 muri iriya mikino kandi yinjijwe ibitego 9 byonyine.
RB Leipzig iri hanze y’amakipe 4 ya mbere ya Bundesliga kandi iyi shampiyona yarayigoye. Mu mikino 10 iheruka gukina, iyi kipe ya Marco Rose yatsinzwe inshuro 5 itsinda 3 gusa maze icyura amanota 11 muri 30 yashobokaga. Bitwaye neza mu mikino bakiniye iwabo kurusha ahandi aho batsinze 5 mu mikino 8. Batsinzwe rimwe gusa ubwo batsindwaga 1-5 na Wolfsburg.
Leipzig ni yo yashyize akadomo ku gahigo kadasanzwe ka Leverkusen k’imikino 35 idatsindwa muri shampiyona ubwo yayisubiranye ikayitsindira iwayo 3-2 mu kwa 8 kwa 2024. Abasore ba Alonso baraba bashaka intsinzi no kwigarura muri Red Bull Arena kuri uyu wa gatandatu.
Napoli na Juventus
Napoli iyoboye Serie A, iherutse gutsindira iwayo Atalanta yatwaye Europa League kuwa gatandatu ushize, irakinira na Juventus kuri stade ya Diego Armando Maradona.
Ikipe ya Antonio Conte ntiyatsinzwe mu mikino 5 ya shampiyona iheruka gukina kandi irarusha amanota Inter yatwaye igikombe giheruka ndetse inayiri inyuma umukino umwe. Top scorer wa Napoli, Romelu Lukaku, yatsinze igitego cyabahesheje intsinzi ku munota wa 78 muri Bergamo kuwa gatandatu ushize bituma agahigo ka Napoli muri Serie A gakomeza.
Juventus na yo ku rundi ruhande yatahanye intsinzi kuwa gatandatu ushize, ikubita AC Milan 2-0 i Turin, bituma ikomeza agahigo kayo k’imikino 21 idatsindwa muri mikino ya shampiyona aho iyi season igeze. Abasore ba Thiago Motta bo baciye agahigo mu kunganya aho banganyije imikino 13 muri shampiyona ndetse bari ku mwanya wa 5. Napoli ni yo ifite agahigo k’ikipe ya mbere yitwaye neza mu mikino yakiniwe iwayo kandi yatsinze the Old Lady ubwo aya makipe aheruka guhurira mu mukino wa shampiyona i Naples mu kwa 3 kwa 2024.
Manchester City na Chelsea
Ikipe ifite igikombe, Manchester City yavuye mu bihe bibi yari irimo maze ikina imikino 5 ya Premier League idatsindwa. Ikipe ya Pep Guardiola yakubitiye ahandi Ipswich 6-0 maze iza mu makipe 5 inyuma y’ikipe iyitegereje.
Chelsea yavuye ku kuba ikipe ihabwa amahirwe yo gutwara igikombe ijya ku mwanya wa 4 mbere y’iyi round nyuma yo gukina imikino 9 ya shampiyona yose idatsindwa ariko ikaza gusubira inyuma itakaza imikino 2 ikurikirana. Ikipe ya Enzo Maresca yatsinzwe na Fulham na Ipswich ndetse itakaza imbaraga mu rugendo rushaka igikombe.
Intsinzi yabo iheruka yabonetse mu ijoro ryo kuri uyu wa mbere batsinda Wolves ndetse ihita izamukaho amanota 2 imbere ya City. The Citizens yastinze imikino 3 muri 5 ya shampiyona iheruka kuyihuza na the Blues, ariko itsindirwa kabiri kuri Etihad mu mikino 5 ya shampiyona iheruka gukinira iwayo.
Chelsea yatsinze imikino 6 muri 11 muri iyi season kandi iraza guhura n’ikipe ya City itapfa kwisukirwa kuko yagarukanye imbaraga
Kanda hano maze uryoherwe n’Ibikubo byacu Byongerewe ku mikino irenze y’iyi weekend
/match-mania-preview-jan-25